Ku musi wa kane, igenekerezo rya 18 Mukakaro 2024, Ambassadeur Pierre Claver Ndayicariye, Umukuru w’umugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR) mu Burundi, yaratanze inyigisho zihabwa abigisha abandi (formation des formateurs) zateguwe n’ishirahamwe « Healing and Rebuilding Our Communities » (HROC Burundi). Izo nyigisho zabereye muri zone Gihosha, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, mu mugambi w’iryo shirahamwe wiswe « Tuvure twongere twubake ikibano » (Guérisons et Reconstruisons nos Communautés).
Mu bitabiriye iyo nama harimwo Abarundi n’abanyamahanga baje bava mu bihugu vy’u Rwanda, Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, Kenya, n’Afurika y’Epfo. Ni ibihugu vyaciye mu ntambara, eka mbere hari n’ibikirimwo intambara gushika uno munsi. Intambara akaba ari intambamyi y’ibikorwa bijanye no gutsimbataza amahoro no kunywana.
Inyigisho zatanzwe na Amb. Pierre Claver Ndayicariye zashingiye k’ukwumviriza umuntu n’umutima wose (écoute emphatique) mu gihe aba ariko arakuyagira ububabare canke ingorane zamushikiye. Ico cigwa carakanguye cane abari bitavye iyo nama, cane cane abari bavuye muri Kenya, havugwa imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo z’ubutegetsi buriho.
Amb.Pierre Claver NDAYICARIYE ariko aratanga inyigisho
Amacakubiri arangwa mu gihugu ca Afrika y’epfo
Abaserukiye igihugu ca Afrika y’Epfo barashikirije ingorane zicibonekeza inyuma y’aho bavuye mu ndyane zifatiye ku ntwaro karyanishamiryango (Apartheid). Bavugako naho habaye ibiganiro vy’umwumvikano, ubusumbasumbane mu kibano buracariho. Imyidogo iri hagati y’abirabure b’abanyafrika y’epfo n’abazungu, hakaba n’intureka ziri hagati y’abirabure b’abanyafrika y’epfo n’abirabure b’abanyamahanga, ziterwa ahanini n’ibibazo vy’ubutunzi. Ngo ni ibintu bibabaje muri ico gihugu.
Umwe mubitabiriye inyigisho yaje ava mu gihugu ca Afrika y’epfo
Gukeza Abarundi ku ntambwe bamaze gushikako
Abari aho barashimye intambwe Abarundi bamaze gutera mu bijanye no gusubiza hamwe, mu gihe ahandi hakivugwa ibibazo bifatiye ku moko, uturere n’imigambwe. Abari bavuye muri Kongo barashimiye CVR ku ntambwe imaze gushikako mu rugendo rwo kunywanisha Abarundi, mu gihe igihugu cabo kikirangwamwo intambara, cane cane hagati y’umuhari M23 n’igisirikare ca Kongo, FARDC.
Bose baremeranije yuko kwumviriza n’umutima wose abafise ububabare ku mutima ari ngirakamaro mu gutorera inyishu ibibazo bijanye no gusubiza hamwe mu bihugu vyabo. Barashimiye CVR ku bikorwa iriko irarangura hamwe n’umukuru wayo, n’ukuntu abari mu murwi bakorera hamwe kugira bashikane igihugu ku mahoro arama.
Umwe mubitabiriye inyigisho yaje ava muri Republika ya Kongo iharanira demokrasi
Gusubiza hamwe ni urugendo rurerure
Mu gusozera, Amb. Pierre Claver Ndayicariye yaribukije yuko gusubiza hamwe ari urugendo rusaba umwanya n’ukwihangana. Yamenyesheje yuko gusubiza hamwe bifasha kandi mw’iterambere mu bijanye na poritike n’ubutunzi bw’ibihugu.
Izo nyigisho zihabwa abigisha abandi zizobafasha cane mu bihugu baje bavamwo mu kwitwararika abahuye n’ingaruka mbi z’amacakubiri. Uburundi bukaba bumaze gutera intambwe ishimishije mu rugendo rwo kunywanisha Abarundi no kurondera amahoro arama.